None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?
Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:
Bana umunezero, mwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ ukubaho kwawe kw’ubusa, yaguhaye musi y’izuba, ni yo misi yawe yose ipfa ubusa: kukw ivyo ari vyo mugabane wawe wo mur’ ubu bugingo, no mu miruho yawe uruhira musi y’izuba.
maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.