Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Itegereze igikorwa c’Imana: none ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 7:13
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo yiyiziye, igata abantu mu ngoyi, Igakoranya abo kuja mu rubanza, ni nde yoyibuza?


Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


Umve ibi, yewe Yobu: Hagarara, witegereze ibikorwa vy’Imana bitangaje.


Isūmira ico iteye: ni nde yoyikimiranya? Ni nde yoyibaza, at’ Ivyo ugira n’ibiki?


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, N’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye;


Ikigoramye ntigishobora kugororwa, kand’ igihaze ntigishobora guharūrwa.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Uhoraho Nyen’ ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?


Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikūre mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza?


Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi?


Kuko yabgiye Mose, iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira, ngirire n’imbabazi uwo nzozigirira.


Nuko wombaza, uti N’iki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivy’ igomba?


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ