12 Kuk’ ubgenge ar’ ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo.
Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu.
Ngirira ikigongwe Mana, ngirira ikigongwe, Kuk’ ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe: Mbere no mu gitūtu c’ amababa yawe ni ho ngira mpungire, Gushitsa ah’ ibi vyago birenganira.
Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.
Umworo arankwa gushitsa no ku mubanyi, Arik’ umutunzi agira abakunzi benshi.
Amakenga azogushibamira, Ugutahura kuzokuzigama,
Abīkira abagororotsi ubgenge buroranye, Ni we nkinzo y’abagenda batunganye.
Bubera igiti c’ubugingo ababucakira: Hahirwa umuntu wese abgumirako.
Kuk’ ūmbona wese aba abonye ubugingo, Kand’ akazotoneshwa n’Uhoraho.
Kukw imisi yawe izogwira kubganje, N’imyaka y’ukubaho kwawe izokwongerwa.
Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.
Kandi mbona yuko mu bgenge har’ inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’ inyungu kuruta mu mwiza.
Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.
Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.
Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.
bakava hasi ngo bamanuke muri Egiputa batabajije irivuye mu kanwa kanje; ngo bisunge inkomezi za Farawo, bironkere ubgugamo mu gitūtu ca Egiputa!
Kandi mur’ abo, uw’ ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’ inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.
Mu bihe vyawe hazobah’ umutēkāno, n’ agakiza k’umurengera, n’ubgenge no kumenya: kwubaha Uhoraho ni bgo butunzi bgawe.
Kandi ndazi yukw ivyo yageze ar’ ubugingo budashira. Nukw ivyo mvuga, mbivuga nk’uko Data yambariye.
Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.
Ivyo ntimubigire ivyoroshe; kukw ari vyo bugingo bganyu, kandi ni mwavyitondera bizobahesha kurambira mu gihugu, ico mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire.
Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,
Umubambangwe wishura ivyo biti, ut’ Asangwa mugomba kunyimika vy’ukuri ngo mbe umwami wanyu, ni muze mwikinge mu gitutu canje; na ho bitabaye ivy’ ukuri, umuriro uzokwaduka mu mubambangwe, uyigize amasederi y’i Lebanoni.