Gideyoni aramwishura, ati Mugenzi, namb’ Uhoraho ari kumwe natwe, n’iki gituma ivyo vyose bitubako? Kandi vya bitangaza vyiwe vyose ba sogokuruza bātubarira biri hehe, bat’ Uhoraho ni we yadukūye muri Egiputa? Ariko noneho, Uhoraho yaradutaye, yatugabuye mu maboko y’Abamidiyani.