7 Ubutame bgose bg’umuntu buterwa n’inda yiwe, yamara ntashira umuryarya.
Inda y’ūkora ni yo imukoresha, Kukw akanwa kiwe kamusaba.
Ibintu vyose vyuzuye uburuhe; n’ubg’ umuntu atovuga: ijisho ntirihāga kurāba, n’ugutwi ntiguhāga kwumva.
Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa.
Ikigirira ikimazi igihugu muri vyose, n’umwami kwubahwa mu gihugu.
Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,
Non’ umunyabgenge arusha iki igipfu? Cank’ impahazwa izi kwitunganya imbere y’abariho biyimariye iki?
Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?
Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.
Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.