Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 mbere naho yoba yararamvye imyaka ibihumbi bibiri: mbega bose itāhiriro si rimwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 6:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imisi yose Adamu yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitatu: araheza arapfa.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Kuko nzi yuk’ uzonshitsa mu rupfu, Ukanshitsa no mu nzu y’ ihūriro ry’abakiriho bose.


Ibuka se k’ubugingo bganje ar’ umuyaga gusa: Ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi.


Ni nde agomba ubugingo, Akifuza kuramba, ngw az’ abone ivyiza?


umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.


Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.


Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.


Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,


bitayeko ikaba itigeze kubona izuba canke kurimenya; iyo iraruhuka kurusha uyo:


Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.


Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze.


Ntihazokwongera kubamw’ abapfa bakir’ inzoya, cank’ umutāma adasozereye imyaka yiwe; kuk’ umwana azopfa amaze imyaka ijana, kand’ ūkenyutse ntashitse ijana azoba yavumwe.


Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’ abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo.


Azoba nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa, kandi ntazobona ivyiza bimujeko; arikw azoba ahagadutse ahantu h’ ubgeranyange, igihugu c’umunyu kitabamw’ abantu.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ