Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 6:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Esau yunamura amaso, abona ba bagore n’abana, aramubaza, ati Barya muri kumwe n’aba hehe? Aramwishura, at’ Abo n’abana Imana yahereye ubuntu umusavyi wawe.


Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.


I Samariya hār’ abahungu mirongwirindwi bandurutse kuri Ahabu. Bukeye Yehu yandika ivyete, abirungika i Samariya ku bakuru b’igisagara no ku bashingantahe no ku bājejwe abo buzukuru ba Ahabu;


Ariko bagiye kumuhamba, ntibagira ico basangaho, atar’ umutwe n’ibirenge n’ibiganza.


None mu bahungu banje bose (kandi muzi yuk’ Uhoraho yampaye benshi), yatoranijemw’ umuhungu wanje Salomo kuba ari we azovyagira ku ntebe y’ubgami bg’ Uhoraho, akaganza Abisirayeli.


Kandi Rehobowamu akundwakaza Mayaka umukobga wa Abusalomu kumurutisha abandi bamikazi biwe bose, n’incoreke yar’ afise zimeze bga bagore; kuko yar’ afise abamikazi cumi n’umunani, n’incoreke mirongwitandatu, avyara abana b’abahungu mirongwibiri n’umunani n’abakobga mirongwitandatu.


Nuko Hamani abīgānira ukw atunze, n’uko bimuhaye icubahiro, n’ abana biwe ingen’ ari benshi, n’ ingen’ umwami yamushize hejuru muri vyose, kandi ko yamukujije kuruta abaganwa b’umwami n’ abamenyekana biwe.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


N’iki catumye ntāpfuye nkiri mu nda? N’iki catumye impwemu zanje zitāheze nkiyivamwo?


Iyo mba narabaye nk’inda ikorotse igahishwa, simba narabayeho; Canke nk’inzoya zitigeze zibona umuco.


Babe nk’igifyera kiyaga kigashira; Babe nk’inda ikorotse, itigeze kubona izuba.


Abuzukuru ni bo gitsibo c’ abatāma, Kand’ icubahiro c’abana ni ba se.


mbere kurusha abo bose nshima ūtigeze kubaho, atigeze kubona amabi akorerwa musi y’izuba.


kukw iziye ubusa, ikagenda mu mwiza, izina ryayo rikazimanganira mu mwiza;


Azotabga nk’uko bata indogoba, bamukweze bamushiburiye inyuma y’ibirimba vy’i Yerusalemu.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, ati Ntazokwigera agira n’umwe wo gusubira ku ngoma ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze ng’ ube mu ndugumba yo ku murango no mu gikonyozi co mw ijoro.


bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ