Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 6:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 6:12
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw imbere yawe tur’ akavantara n’abātsi b’indaro, nk’uko ba sogokuruza bose bāri bameze; imisi yacu tumara kw isi ihwanye n’igitūtu, kandi nta vyizigiro dufise.


Ashurika bga shurwe, maz’ agacibga; Ahita nk’igitūtu, ntiyamaho.


Abana biwe bahabga icubahiro, ntabimenye; Bacishwa bugufi, ntabice n’ ikanda.


Kuko tweho tur’ ab’ ejo gusa, ata co tuzi, Kand’ imisi tumara mw isi ni nk’igitūtu gusa.


Imisi yanje imeze nk’igitūtu kirehutse: Kandi nkabiranye nk’ubgatsi.


Nkamanganye nk’igitūtu kirehutse, Nkunkumuwe nk’uruzige.


Umuntu ameze nk’impwemu zihumetswe gusa: Imisi yiwe imeze nk’igitūtu gishira.


Uhoraho ni we mugabane w’umwandu wanje n’uw’ igikombe canje, Ni wewe ukomeza umugabane wanje.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe.


Adutoraniriza umwandu wacu, Ni wo vyirato vya Yakobo, uwo yakunze. Sela.


Ibuka ingen’ igihe canje ari gito: Ereg’ abana b’abantu bose wabaremeye ubusa!


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Ko har’ ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki?


Ivyo vyose narabibonye mu misi yanje yapfuye ubusa: har’ aho umugororotsi akenyuka kand’ agororotse, kandi har’ aho umunyakibi aramba kand’ akora ibibi.


ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.


Bana umunezero, mwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ ukubaho kwawe kw’ubusa, yaguhaye musi y’izuba, ni yo misi yawe yose ipfa ubusa: kukw ivyo ari vyo mugabane wawe wo mur’ ubu bugingo, no mu miruho yawe uruhira musi y’izuba.


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ