1 Har’ ikibi nabonye musi y’izuba kiremereye abantu:
Har’ ikibi gikomeye nabonye musi y’izuba, n’umuntu gutunga itunga rikazomwica:
n’ umuntu Imana yahaye itunga n’ ibintu n’icubahiro, bituma atabura ikintu na kimwe mu vyo umutima wiwe wokwifuje, maz’ Imana ntimuhe kubumbga na vyo, ariko bikazoribga na murundi; ivyo n’ ubusa, kandi n’ibara ribi.