9 Ikigirira ikimazi igihugu muri vyose, n’umwami kwubahwa mu gihugu.
Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, Arikw isi yayihaye abana b’abantu.
Har’ indya nyinshi mu ndimiro z’imisito y’aboro, Ariko har’ abo zononekara kubgo kudakora ibiroranye kwabo.
Ūrima itongo ryiwe azogira indya nyinshi, Arik’ ūkurikira ibitagira ikimazi azorya ubgoro bgiwe.
Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.
Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa.
Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.
Ubutame bgose bg’umuntu buterwa n’inda yiwe, yamara ntashira umuryarya.