Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 5:7
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima wawe woye kugirira ishari abanyavyaha, Arik’ ugire ishaka ryo kwubaha Uhoraho burinde bgira.


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.


Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.


Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.


Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;


ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.


Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.


Kandi ndababgira yukw ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ