7 Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.
Umutima wawe woye kugirira ishari abanyavyaha, Arik’ ugire ishaka ryo kwubaha Uhoraho burinde bgira.
Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.
Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.
Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.
Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.
Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.
Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;
ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.
Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.
Kandi ndababgira yukw ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka.