Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’ umutima wawe woye gushushudikanya kw ijambo na rimwe imbere y’Imana; kukw Imana iri mw ijuru, nawe ukaba kw isi: nuko rer’ amajambo yawe abe make.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 5:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu arongera aramubgira, at’ Eh’ ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje, naho nd’ umukungugu n’umunyota gusa:


Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga mvuge n’iri: kumbure hobonekamwo mirongwitatu. Aramwishura, ati Na ho nyene nta co nzokora mbonyeyo mirongwitatu.


Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga nongere mvuge iri rimwe gusa: kumbure hobonekamw’ icumi. Aramwishura, ati Na ho nyene sinokirandura kubg’ abo cumi.


Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.


Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.


Intango y’amagambo yo mu kanwa kaco n’ubupfu, kand’ iherezo ry’ibivuye mu kanwa kaco n’ibisazi vy’icago.


Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.


Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Mbere nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.


Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,


Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Maze Yefuta asezeranira Uhoraho isezerano, ati Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ