16 Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?
Ūtera urugo rwiwe imivurungano azoronka umuyaga kw iragi, Kand’ igipfu kizoba umushumba w’ūfise umutima w’ubgenge.
Mbeg’ umuntu aronka inyungu ki mu butame bgiwe bgose ubg’ atamira musi y’izuba?
Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.
Mbeg’ ūkora aronka inyungu ki mu vyamutamije?
Har’ ikibi gikomeye nabonye musi y’izuba, n’umuntu gutunga itunga rikazomwica:
Twari dukuriwe, turaribga, bimera nk’aho twavyaye umuyaga gusa; nta gakiza twazaniye isi, kandi nta bo kuba mw isi bāvutse.
Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.
Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.
Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru?
Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.
Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama.
Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.