13 Har’ ikibi gikomeye nabonye musi y’izuba, n’umuntu gutunga itunga rikazomwica:
Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu.
Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.
Ariko muka Loti amukurikiye, akebuka inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu.
Umutima wiwe ntuzi guhurarara, Kandi ntazokiza ikintu na kimwe mu vyamuhimbara.
Uko ni kw inzira zimeze z’ umuntu wese w’ikirara ku nyungu: Inyungu ikūrah’ ubugingo bga ba nyene yo.
Gukomantaza imitima kw’ imburabgenge kuzozica, Kand’ ukugubga neza kw’ibipfu kuzobihonnya.
Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.
Ntiwirushe ng’ ube umutunzi, Reka kuvyigengeterereza.
Kukw itunga ridahoraho, Canke mbeg’ ingoma ihorah’ ibihe vyose?
Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.
maz’ iryo tunga rikazotikizwa n’ikibi kirikorokeye; kand’ asanzwe yaravyaye, umwana wiwe azoba asigaye ata co afise mu ntoke.
Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.
Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;
Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.
Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.
Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.