11 Iy’ ibintu bigwiriye ababirya baragwira: kandi nyenevyo bimumarira iki, atar’ ugupfa kubirābisha amaso?
Farawo agirira Aburamu neza kubg’ uwo, aharonkera intama n’ inka n’indogoba z’amapfizi n’abagurano b’abahungu n’abakobga n’indogoba zivyara n’ingamiya.
Kandi Aburamu yar’ umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.
Mbega wogumiza ijisho ku kiriko kirarenga? Kuk’ ubutunzi butobura kumera amababa, Nk’inkukuma iguruka itumbereye mw ijuru.
Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
Nuko nabaye agahambaye, nunguka kurusha abāntanguriye bose i Yerusalemu: kand’ ubgenge bganje bgāgumanye nanje.
Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.
Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Nk’ukw inkware ibundikira amagi itātaye, umuntu yironkera itunga mu buryo bubi ni kw amera: agicagatije imisi yo kubaho kwiwe rizomuvako, kw iherezo ryiwe azoboneka kw ar’ igipfu.
Mbega ntibiva k’Uhoraho Nyen’ ingabo kw amoko atamishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akiruhiriza ubusa?
Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.