Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 5:1
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.


ati Mbeg’ isinzi ry’amajambo ntirikwiye kwishurwa? Ugira ng’umuntu yotsindanishirizwa n’ukw ar’ imvuzi?


Mbeg’ Imana ntiri hejuru mw ijuru? Kandi rāba inyenyeri ziri hejuru iyo bigwa, ingene zir’ ahītereye kure!


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Iramubarira, iti Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra.


at’ Uz’ ucure ikigārigāri mu miringa co gukaraba, kigire n’intebe y’ umuringa nyene; uz’ ugishire hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ igicaniro, ugisukemw’ amazi.


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Mbega yemwe: ntimufise ingo zo kurīramwo no kunyweramwo? Canke mukēngēra ishengero ry’Imana, mugatētereza abadafise? Ndababgire iki? Ndabashime? Kur’ ivyo simbashima.


Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Nuk’ uwo mugabisha w’ingabo z’Uhoraho yishura Yosuwa, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra. Nuko Yosuwa abigenza artyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ