Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ ubutame bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 4:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.


Maze Yowabu aramubarira, at’ Abasiriya ni baramuka bagomba kunnanira, uraza untabare; kandi nawe Abamoni ni baramuka bagomba kukunanira, nanje ndagutabara.


Ukw icuma gikarisha ikindi, Ni k’umuntu akarisha mugenzi we.


Kuk’ umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura: arik’ ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,


Erega sinshobora guterura aba bantu bose jenyene, kuko bamvuna.


Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.


Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ng’ ūbiba n’uwimbura banezeranwe.


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.


Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, wahungiye musi y’amababa yayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ