Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 4:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Mwami, non’ ico ndorereye n’iki? Ni wewe nizigira.


I kuzimu n’amahonero nta ho bihāga, N’amaso y’abantu nta ho ahāga.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Ibintu vyose vyuzuye uburuhe; n’ubg’ umuntu atovuga: ijisho ntirihāga kurāba, n’ugutwi ntiguhāga kwumva.


Kuk’ umuntu mu butame bgiwe ari n’ubgenge n’ukumenya n’uburyo; yamar’ azobisigarana uwundi atābitamiye, bibe umugabane wiwe. Ivyo na vyo nyene n’ubusa, kandi n’ibara.


Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Nuko ndasubira nitegereza ubundi busa musi y’izuba.


Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Ikigirira ikimazi igihugu muri vyose, n’umwami kwubahwa mu gihugu.


Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ