4 Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.
Kandi yar’ afise ibitayega vy’imikuku n’amasho, n’abantu bahinda: atera Abafilisitiya ishari,
Bukeye Yakobo yumva amagambo y’abahungu ba Labani, bat’ Ivyar’ ivya data Yakobo yavyinyagiye vyose, mbere mu vya data ni ho yakūye ubgo butunzi bgose.
Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.
Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.
Kuk’ umuntu mu butame bgiwe ari n’ubgenge n’ukumenya n’uburyo; yamar’ azobisigarana uwundi atābitamiye, bibe umugabane wiwe. Ivyo na vyo nyene n’ubusa, kandi n’ibara.
Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Abo bantu bose yaganza, ubginshi bgabo ntibgagira uko bungana: yamar’ abazobaho hanyuma ntibazomunezererwa. N’ ukuri ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Ko har’ ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki?
Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.
Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugura ngw ajanwe muri Egiputa. Imana ibana na we,
Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?
ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.