2 Ni co catumye nshima abahisi bamaze gupfa kurusha abariho bakibona;
Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.
Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.
Ntimukaririre uwamaze gupfa, canke ngo mumuborogere: ariko muririre uwagiye mazimayongo, kukw atazoba akigaruka ukundi, canke ngw asubire kubona igihugu yavukiyemwo.