16 Abo bantu bose yaganza, ubginshi bgabo ntibgagira uko bungana: yamar’ abazobaho hanyuma ntibazomunezererwa. N’ ukuri ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.
Maz’ abantu bose bamukondorera inyuma, baradūga, bavuza imyironge, basēsereza impundu nyinshi, urwamo rwabo rutuma imisozi yāsīra.
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.
Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.
Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.
Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Nitegereje abariho bose bagendagenda musi y’izuba, mbona bikumiye ku ruhande rwa wa musore umwe yakurikiye umwami ku ngoma, akamusubirira mu gishingo.