12 Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.
Maze ba bahizi batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.
Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, ariko ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere. Maze Dawidi amugira umukuru w’abashibamyi biwe.
Uwa kabiri kuri we muri ba bahizi batatu ni Eleyazari mwene Dodayi Umwahohi. Yari kumwe na Dawidi igihe bahangāra Abafilisitiya bari bakoraniye kubarwanya. Maz’ Abisirayeli bahunze,
Kand’ ikindi, babiri iyo baryamanye barasusuruka: arik’ umuntu umwe gusa yosusuruka ate?
Umuhungu mworo w’umunyabgenge aruta umwami ashāje akaba igipfu, atacemera guhanūrwa.
mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro.