10 Kuk’ umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura: arik’ ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe.
Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.
Hanyuma agandutse, Dawidi atuma kumuzana i we, aramucūra; bavyarana umwana w’umuhungu; arikw ivyo Dawidi yakoze vyababaje Uhoraho.
Kandi jewe incoreke yawe nari mfise abana b’ abahungu babiri; bukeye basindira ku gahinga, batagira ūbabanguranya; nuk’ umwe akubita uwundi, agwa bukumbi.
Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?
Kand’ ikindi, babiri iyo baryamanye barasusuruka: arik’ umuntu umwe gusa yosusuruka ate?
Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ ubutame bgabo.
Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.
Nuko mwiruranishe ayo majambo.
Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.
Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.