Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 4:1
51 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega nanje noshoboye kuvuga nkamwe, Iyaba ari mwebge mwari mumeze nkanje, Nanje noshoboye gukoranya amagambo yo kubanegura, Nkabazunguriza umutwe.


Batakishwa n’agahahazo kenshi, Batakambishwa no kubabazwa n’amaboko y’abanyenkomezi.


Ni mwirimbure, ndabinginze, hoye kuba ibifutamye; Mbere ni mwirimbure ukundi gusha, ivyanje n’ibigororotse.


Isi itanzwe mu maboko y’ inkozi z’ibibi; Ikinga mu maso h’abacamanza b’isi; Namb’ atari yo, none yoba nde se?


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Itegereze i buryo bganje, urābe ko har’ umuntu ampa ni rwere: Mbuze ubuhungiro; nta muntu ababaye ubugingo bganje.


Ndagutakambira, Uhoraho we, Nkakubgira, nti Ni wewe buhungiro bganje, N’umugabane wanje mw isi y’abakiriho.


Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Nzobaza Imana, igitandara canje, nti N’iki gitumye unyibagira? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’ abansi banje?


Ibitutsi vyammenaguye umutima, ndaremerewe cane: Nareretse ko har’ uwongirira akagongwe, nta wabonetse; N’uko har’ abonyirura, ndabura.


Kandi bāmpaye umururazi kuba ivyo kurya vyanje; Ngize inyota bampa inkarisha ngo ndayinywe.


Wabagaburiye amosozi k’ umutsima, Wabahaye amosozi menshi yo kunywa.


ati Ni mwākīra abagore b’Abaheburayo, mwitegereze neza ikivutse: ni havuka umuhungu, muze mwame mumuniga, ariko ni yaba umukobga mumureke.


Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.


Umworo we, abavukana na we bose baramwanka: Non’ abagenzi biwe ntibarushiriza kumwiyambura? Akoma ibōbo inyuma yabo, na bo bakīgīra.


Umuntu w’impabūke guhahaza abagorwa Ni nk’imvura y’isegenya idasigaza indya.


Iy’ abagororotsi bagwiriye, abantu baranezerwa, Arikw iy’ umunyakibi aganza, abantu baraniha.


Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


N’ukuri kugunga guhindura umunyabgenge igipfu, kand’ impēra izimiza ubgenge.


Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


ngiteretse mu kiganza c’abaguhahaza, c’abākubarira, bat’ Ubika inda, tuguceko; nawe ugatega mu mugongo hawe nko hasi, canke nk’inzira, ngo bahahite.


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.


Ivyo ni vyo bindiza; amaso yanje, amaso yanje yisuka amosozi; Kuk’ uwompūmurije akandemesha umutima ambaye kure: Abana banje barapfapfanye, kuk’ umwansi yanyigamvye.


Siyoni hata amaboko, ntihabona uwohahūmuriza; Uhoraho yashinze ivya Yakobo, kw abamukikije bose bamubera abarwanizi: Yerusalemu habamereye nk’ ikintu giteye iseseme hagati muri bo.


Kirāra kirarira mw ijoro, amosozi agacunduguta ku matama; Mu bakunzi baho bose ntihafise uwo kuhirura: Abagenzi baho bose bāraharyarutse, Bahindutse abansi baho.


Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho; ntihāri hārībajije ivy’ amaherezo yaho; Ni co catumye hacishwa bugufi bitangaje; ntihagira ūhahūmuriza. Uhoraho we, itegereze umubabaro wanje; kuk’ umwansi yishize hejuru.


Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike. Bun’ abigishwa bose baramuta, barahunga.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


ni co kizotuma mukorera abansi banyu, abo Uhoraho azobagomorera kubatēra, mufise inzara n’inyota, mwambaye ubusa, muburaniwe muri vyose; azobambika ingōgo y’icuma mw izosi, gushitsa ah’ azobaherengetereza.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, kubg’ imikogote y’ivyuma amajana cenda Yabina yar’ afise, kandi yar’ amaze imyaka mirongwibiri ahahaza Abisirayeli bibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ