9 Mbeg’ ūkora aronka inyungu ki mu vyamutamije?
Ubutame bg’ibikorwa vyose bugira umugwiza, Ariko gupfa kubomboranya amanwa kuzana ubgoro gusa.
Mbeg’ umuntu aronka inyungu ki mu butame bgiwe bgose ubg’ atamira musi y’izuba?
Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.
Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?
Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?
Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama.