Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 3:7
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe.


Maze Yuda aramwegera, aramubarira, ati Mugenzi, zirikana, ndagusabe ijambo mvuga, ntumpambarire, jewe umusavyi wawe: kuk’ umeze nka Farawo.


Mbega nosubira nte kuri data, ntari kumwe n’uwo muhungu? Reka noye kuzobona ivyago bizoba kuri data.


Maze Dawidi afata impuzu ziwe, azītantamurirako, n’abantu bose bari kumwe na we bagira kuno;


Dawidi araheza abarira Yowabu n’abari kumwe na we bose, ati Ni mwitantamurirekw impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muririre i ruhande ya Abuneri. Maz’ umwami Dawidi akurikira ikigagara ciwe.


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Maz’ abantu barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.


Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!


Maz’ umwami yumvise uyo mugore, yitantamurirakw impuzu ziwe; nukw arikw arahita ku ruzitiro, abantu barāvye, babona yambaye amagunira imbere ku mubiri.


kuko twe n’ubgoko bgacu twaguzwe, ngo tugesezwe, twicwe, duhone. Iyo tuba twaraguzwe ngo tuje mu buja gusa, nocereje, kuko naho vyodukomereye cane, sinorinze kugora umwami.


Maze bicarana na we hasi, bamara imisi ndwi ku murango no mw ijoro; ntihāgira ūmubgira ijambo, kubgo kubona umubabaro wiwe kw ari mwinshi cane.


Kutavuga kwangize ikiragi, ndahora; naho vyoba ivyiza sinabivuga; Umubabaro wanje urafururwa.


igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;


Maze barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.


Kandi nta bgoba bāgira, ngo bitantamurireko n’impuzu zabo, ar’ umwami canke n’umwe wo mu basavyi biwe bumvise ayo majambo yose.


Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.


Ni yicare wenyene, acereze, kukw ar’ Uhoraho yayimwambitse.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


Sauli yishura se wabo, ati Yatubariye neza kw indogoba zabonetse. Ariko ku vy’ubgami Samweli yamubariye, ntiyagira ico amukerukiriza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ