6 igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;
ashorera n’ubusho bgiwe bgose n’ubutunzi bgose yaronse, ubusho yaronkeye i Padan‐aramu, kugira ngw aje kwa se Isaka mu gihugu c’i Kanani.
Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi?
Nuko baca aho baciye, barinda bashika kuri Yorodani; basanga inzira yose ar’ impuzu n’ibintu Abasiriya bagiye barata mu kwiruka. Nukw izo ntumwa ziragaruka zibibarira umwami.
Nuko Hazayeli aja guhūra na we atwaye ingemu zo ku vyiza‐vyiza vyose vy’i Damasiko, abiremētse ingamiya mirongwine; nukw arashika ahagarara imbere yiwe, aramubarira, at’ Umwana wawe Beni‐hadadi, umwami w’i Siriya, arantumye, ngo Mbeg’ ubona azokira iyo ndwara yiwe?
Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.
Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.
igihe co gushibura amabuye n’igihe co kurunda amabuye; igihe co kugumbirana n’igihe co kwirinda kugumbirana;
igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;
Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;
Abasoza baratinya, umuntu wese yambaza imana yiwe; baterera mu kiyaga ibintu vyari mu bgato ngo baburemurure. Ariko Yona we yari yamanutse mu gafuruka ko mu bgato gahera epfo, yigaramiye yisinziriye.
Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.
Ku musi ugira gatatu batesha amaboko yabo ibikoreshwa mu bgato.
Bamaze guhāga, baremurura ubgato, bata ingano mu kiyaga.