Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 3:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sara aravuga, at’ Imana irantwengeje; kand’ abazovyumva bose bizobatwenza nkanje.


Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.


Intimba yanje uyihinduye imvyino, Unkenyuruye amagunira yanje, unkenyeza umunezero,


Kuk’ uburake bgiwe ar’ ubg’ akanya isase, Arik’ ubuntu bgiwe bgamah’ igihe cose umuntu akiriho. Ukurira kworārira umuntu mw ijoro, Ariko mu gitondo impundu zikavuga.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


igihe co gushibura amabuye n’igihe co kurunda amabuye; igihe co kugumbirana n’igihe co kwirinda kugumbirana;


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Ni muhūmurize abantu banje, ni mubahūmurize, ni kw Imana yanyu igize.


Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’ umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose babihaniwe kabiri n’ukuboko kw’ Uhoraho.


bati Twavugije imyironge ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwaboroga.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ