Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.
Umuntu ni yacumura ku wundi, Imana ishobora kubuzuza; arik’ uwocumura k’ Uhoraho, ni nde yomuvugira? Yamara bīrengagiza ivyo se ababariye, kuk’ Uhoraho yari yagabiye kubica.