22 Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?
Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.
None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?
Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.
Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.