Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 3:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 3:22
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abana biwe bahabga icubahiro, ntabimenye; Bacishwa bugufi, ntabice n’ ikanda.


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Kandi naciye nanka ubutame bganje bgose, ubgo natamiye musi y’izuba: kuko nzoba nkwiye kubisigarana ūzonkurikira.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.


Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.


Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.


Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.


Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Ko muzoba mwaranse gukoreranira Uhoraho Imana yanyu umunezero n’umutima ukunze, mugifise umurengera wa vyose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ