21 Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’ impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?
Arik’ umuntu we, arapfa, akīgīra maheriheri, Mber’ impwemu z’umuntu zirahera, non’ aba akiri hehe?
umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.
Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.
gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.
Uhoraho azobagira umutwe, ntazobagira umurizo; muzokwama mur’ abo hejuru, ntimuzoba abo hasi, ni mwumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera uyu musi, mukavyitondera mukabishitsa,
Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane: