20 Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.
Iyi ni yo myaka Ishimayeli yamaze: n’ijana na mirongwitatu n’indwi; araheza aracīkāna, ahamvya ababo.
Aburahamu aracīkāna, atāmbūra ageze mu zabukuru, apfa yisāziye neza; ahamvya ababo.
kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.
Arik’ umuntu we, arapfa, akīgīra maheriheri, Mber’ impwemu z’umuntu zirahera, non’ aba akiri hehe?
Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.
Ko nziga i kuzimu kw ari ho i wanje, Nkaba nshashe uburiri bganje mu mwiza,
Yamar’ umuntu iyo arikw aratemba ntiyābābiza amaboko? No mu vyago vyiwe ntiyotabaza?
Ivyaremwe vyose vyohonera rimwe, Abantu na bo bagasubira mu mukungugu.
Nk’ukw igicu cēyūka kigakamangana, Ni ko n’ūmanuka aja mu kuzimu atazosubira kudūga ukundi.
Kukw azi iremwa ryacu, Yibuka ko tur’ umukungugu.
Uhisha mu nyonga hawe, bigahinda agashitsi: Ubikūramw’ impwemu, bigaca bipfa, Bikīsubirira mu mukungugu wavyo.
Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.
umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.
Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’ impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?
mbere naho yoba yararamvye imyaka ibihumbi bibiri: mbega bose itāhiriro si rimwe?
Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.
Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.
Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.
Maze ni waheza kukibona, nawe uzotāmbūra, uhamvye abanyu, nk’uko Aroni mukurwawe yabahambije;