Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 har’ igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 3:2
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara mu gihe nk’iki c’ umwaka utaha.


Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:


Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.


Elisa aramubarira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu. Na we aramwishura, ati Sigaho nyabuna, muntu w’Imana, reka kumpenda jewe umusavyi wawe.


Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Imisi yiwe ko yashinzwe, igitigiri c’amezi yiwe kikaba gifiswe nawe, Ukaba waramushingiye akarimbi adashobora kurēngāna;


Mbeg’ umuntu akiri mw isi ntaba ari mu ntambara? N’imisi yiwe si nk’iy’ umucangero?


Uwari yaragumbashe amuha kwubaka urugo, Ari nyina w’abahungu anezerewe. Haleluya!


Nawe Imana izogucuranguza gushitsa ibihe vyose, Izokuraha, igushikure mw ihema ryawe, Ikurandurane n’imizi igukūre mw isi y’abariho. Sela.


Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, Uvyiroranirize mu ndimiro, Hanyuma uz’ ubone kwubaka inzu.


Mbeg’ umurimyi avyiririra kuzobiba, yama avyirira na ntaryo? Mbega yama avyirira agakubita imvyirire na ntaryo?


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira upfe, utagikira.


riti Genda ubarire Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Ehe ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu.


Ririmba, mugore w’ingumba utigeze kuvyara, turika uririmbe usemerere, wewe utigeze kuramukwa: kukw abana b’intābga ari benshi, baruta abana b’ūfise umugabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose.


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana:


Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.


Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu:


Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’ Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa,


Mur’ ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu;


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ