18 Navuze mu mutima, nti Bimera birtyo kubg’ abana b’abantu, kugira ngw Imana ibagerageze, no kugira ngo babone ubgabo ko bameze nk’ibikōko gusa.
Nanswe umuntu agayitse kand’ abihiye, Agotomera ibigabitanyo nk’ amazi!
Mbega woshingūra urwo nashinze? Wompenurirakw ibitari vyo kugira ng’ ubone urubanza?
Yamar’ umuntu ntiyamana icubahiro, Ameze nk’ibikōko bipfa gusa.
Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.
Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.
Nar’ ikijuju, nar’ imburabgenge, Namera nk’igikōko imbere yawe.
Biragahera: arikw Imana iboneke kw ar’ inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi: nk’uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke k’ugororotse, Kand’ utsinde ni washika mu rukinja.
kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera,
Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,
Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,
Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,