Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.
Maze Paulo aramubgira, at’ Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe?