14 Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.
Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.
Imigabo y’Uhoraho ihora ihamye ibihe bidashira, N’ivyiyumviro vyo mu mutima wiwe ibihe vyose.
Kand’ abantu bose bazotinya; Bamenyekanishe igikorwa c’ Imana, Biyumvirishe ubgenge ivyo yakoze.
N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.
Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, Arikw inama y’Uhoraho ni yo izoguma.
Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.
Ntukūngurire ku majambo yayo, Kugira ngo ntiz’ iguhane, ugahinyuka k’ur’ umubeshi.
Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.
Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe; kandi ntuz’ uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa: non’ Imana irinde kurakishwa n’ijwi ryawe ku ki, no gusangangura igikorwa c’amaboko yawe?
Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.
Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.
Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’ iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’ Imigabo yanje izohama, kand’ ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.
Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.
uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.
ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.
ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.
Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amen.
nk’ukw imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu
Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.
nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.
Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.
Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.