Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 kand’ ikindi, yuk’ ubuntu bg’Imana ar’ uk’ umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 3:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibikorwa vy’amaboko yawe bizogutunga, Uzonezerwa, uzohirwa.


Ni nde agomba ubugingo, Akifuza kuramba, ngw az’ abone ivyiza?


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


n’ umuntu Imana yahaye itunga n’ ibintu n’icubahiro, bituma atabura ikintu na kimwe mu vyo umutima wiwe wokwifuje, maz’ Imana ntimuhe kubumbga na vyo, ariko bikazoribga na murundi; ivyo n’ ubusa, kandi n’ibara ribi.


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Aheze anezererwe ivyiza vyose Uhoraho Imana yiwe yamuhaye, anezeranwe n’abo mu rugo rwiwe, n’Umulewi n’inyambukīra baba i wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ