Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami rivuye mu ntāra zose; nirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abakobga, bo n’ibinezereza abana b’abantu, ni vyo ncoreke nyinshi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 2:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma?


Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu ingana n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.


Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu,


Kand’ ibintu vyose vy’umwami Salomo vyo kunywesha vyar’ ivy’ izahabu, n’ ibikoreshwa vyose vyo mur’ iyo nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni vyar’ ivy’ izahabu iramuye; nta citwa ic’ ifeza cariho, kuko ku ngoma ya Salomo ifeza ata co bāyiyumvirako.


Yar’ afise abagore amajana ndwi b’abamikazi bgite, n’abandi amajana atatu bo mu buryo bg’incoreke; nukw abo bagore biwe bamuhuvya umutima.


Maz’ umwami Rehobowamu acurisha izindi nkinzo mu miringa zo gusubira mu gishingo cazo, azizēza abakuru b’ abashibamyi bāshibama ku gisapfu c’ingoro y’umwami.


Kandi Hiramu yari yararungikiye umwami Salomo amazahabu italanto ijana na mirongwibiri.


baragenda baja i Ofiru, bakūray’ amazahabu italanto amajana ane na mirongwibiri, bayazanira umwami Salomo.


Maze Dawidi bo n’abagabisha b’ingabo barobanurira ibikorwa bamwe bo mu ba Asafu no mu ba Hemani no mu ba Yedutuni, kugira ngo baririmbe, bavugira inanga n’amakembe n’ivyitwa matowazi; igitigiri c’abakora ico gikorwa, uko bāgenda bakūranwa, bār’ aba:


Abo bose bāgabga na se mu kuririmbira mu ngoro y’Uhoraho, bavuza ivyitwa matowazi n’amakembe n’inanga, ngo bashitse igikorwa co mu ngoro y’ Imana; kandi Asafu na Yedutuni na Hemani, umwami ni we yagenda ababgiriza.


Ivyo biti vya alumugi umwami ni vyo yabājemw’ ivyuririzo vy’ ingoro y’Uhoraho n’ivy’ ingoro yiwe ubgiwe; yabibājemwo n’ inanga n’amakembe vy’abaririmvyi; ntihāri hārīgeze kuboneka ibiti vya alumugi nk’ivyo mu gihugu c’i Buyuda.


udashizemw’ abagurano n’abaguranokazi babo, igitigiri cabo bar’ ibihumbi ndwi n’amajana atatu na mirongwitatu n’indwi; kandi bari bafise abaririmvyi b’abagabo n’abagore amajana abiri.


N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize; n’ubusa gusa, vyose n’ubusa.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


ngo Ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse;


Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.


bavugira inanga mu bijandajando, bakībāzira ivyo kuvuza, nka Dawidi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ