Umusiguzi 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami rivuye mu ntāra zose; nirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abakobga, bo n’ibinezereza abana b’abantu, ni vyo ncoreke nyinshi cane. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?