Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nikoreye ibikorwa bikomeye; niyubakiye amazu; nitereye uruzabibu henshi;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 2:4
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Kandi Abusalomu akiriho yari yarābiriye inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi izina ryiwe. Nuko yitwa inkingi y’ icibutso ca Abusalomu na bugingo n’ubu.


Abatuma ut’ Urazi ko mwe na we mufitaniye isezerano, uti Kandi ryamye hagati ya so na se; uti Non’ akurungikiye ingabire y’ifeza n’izahabu: uti Genda ureke isezerano war’ ufitaniye na Bayasha umwami w’Abisirayeli, uti Kugira ngw amuvire mu gihugu.


Maze Salomo arangije kwubaka ingoro y’Uhoraho n’ingoro y’ubgami n’ivyo yagomvye gukora vyose,


Shimeyi w’i Rama ni we yar’ umukuru yajejwe imirima y’imizabibu; Zabudi w’i Shifimu ni we yar’ umukuru yajejwe ivy’ inzabibu zamuwe zo gukānyamwo vino;


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Maze Salomo yimura umwamikazi wiwe, umukobga wa Farawo, mu gisagara ca Dawidi, amushira mu ngoro yamwubakiye; kuko yavuze, at’ Umwamikazi wanje ntiyoba mu ngoro ya Dawidi umwami w’Abisirayeli, kukw ah’ isandugu y’Imana yashitse hose ar’ ahantu hēra.


Imva ni zo zizoba imigerēro yabo y’ibihe bidashira: Ni ho bazoba ibihe vyose, Nah’ amashamvu yabo bāri bāyitiriye amazina yabo.


Umukunzi wanje ammereye nk’agati kitwa koferu gashuritse udushurwe tw’uturundo Kaba mu nzabibu zo muri Eni‐gedi.


Tuzinduke mu mirima y’imizabibu, Turābe kw imizabibu ipfunditse, canke kw amashurwe yayo asambuye, N’amakomamanga kw ashuritse; Aho ni ho nzokwerekera urukundo ngufitiye.


Hinge ndirimbe ivy’ umukunzi wanje, indirimbo y’uwo nkunda ivuga ivy’ uruzabibu rwiwe. Umukunzi wanje yagize uruzabibu ku musozi umera cane:


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ