Kandi Abusalomu akiriho yari yarābiriye inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi izina ryiwe. Nuko yitwa inkingi y’ icibutso ca Abusalomu na bugingo n’ubu.