Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 2:26
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje.


Ariko har’ impwemu mu bantu, Kand’ ibihumetswe n’Īshobora vyose bibaha gutahura.


Ni nde yashize ubgenge mu mutima w’umuntu? Canke mu mushaha wiwe ni nde yahashize ugutahura?


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Umunyangeso nziza araga n’ abuzukuru, Arik’ ubutunzi bg’umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi.


Kuk’ Uhoraho atanga ubgenge, Mu kanwa kiwe havamw’ ukumenya n’ugutahura.


Ūgwirisha itunga ryiwe inyungu ivuye ku vyo yagurānye, akāka n’ibirenzeko, Aba abirundanirije ūgirira akagongwe abagorwa.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.


None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?


Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ