Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 2:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 2:24
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bār’ isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


n’ umuntu Imana yahaye itunga n’ ibintu n’icubahiro, bituma atabura ikintu na kimwe mu vyo umutima wiwe wokwifuje, maz’ Imana ntimuhe kubumbga na vyo, ariko bikazoribga na murundi; ivyo n’ ubusa, kandi n’ibara ribi.


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


Bati Ni muze mbazanire vino, twinywere inturire duhimbe. N’ejo na ho bizomera nk’uku, bizonarushiriza.


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.


Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ