17 Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.
Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.
Icompa ukampisha i kuzimu, Ukandindira ahihishije, gushitsa ah’ uburake bgawe buzoshirira; Ukanshingira igihe, kand’ ukazonyibuka.
Ibuka ingen’ igihe canje ari gito: Ereg’ abana b’abantu bose wabaremeye ubusa!
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.
Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.
Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.
None se, umuntu akūra iki mu butame bgiwe bgose, no mu mwitwaririko w’umutima wiwe, mu vyo yaruhiyemwo musi y’izuba?
Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.
Ni co catumye nshima abahisi bamaze gupfa kurusha abariho bakibona;
mbere kurusha abo bose nshima ūtigeze kubaho, atigeze kubona amabi akorerwa musi y’izuba.
Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.
Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.
None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.
Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho.
N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’ inzigo? Kuk’ ubugesera n’umuryano bir’ imbere yanje, hakaba n’imitongano, kandi havyutse n’ibihāri.
Hāk’ ungenza urtyo, enda n’upfume unyica, namba ngiriwe akagongwe imbere yawe, kugira ngo noye gupfa nibonye.