16 Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!
Umwami acurira intimba Abuneri, ati Mbega Abuneri yar’ akwiye gupfa nk’ukw imburabgenge ipfa?
Kuk’ umuyaga uricako, rikaba rishize, Ahantu haryo ntiharimenye ukundi.
Kukw abona kw abanyabgenge bapfa, Igipfu n’ikijuju bikarandukana, Bagasigarana abandi ubutunzi bgabo.
Ibitangaza vyawe bizomenyekanira mu mwiza? Cank’ ukugororoka kwawe kuzomenyekanira mu gihugu c’abibagiranye?
Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo n’ urunganwe rwose rw’ico gihe.
Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.
Ubgenge bg’uwitonda bumumenyesha inzira yiwe, Arik’ ubupfu bg’ibipfu burabihenda.
Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira.
Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.
Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.
Non’ umunyabgenge arusha iki igipfu? Cank’ impahazwa izi kwitunganya imbere y’abariho biyimariye iki?
Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.
Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.
maze muri co haboneka umworo w’umunyabgenge, arokoza nya gisagara ubgenge bgiwe: yamara ntihaba hakigira umuntu yibuka wa mworo.
Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.
Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.
Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,