12 Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.
Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.
Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.
Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.