Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.