7 umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.
Aburahamu arongera aramubgira, at’ Eh’ ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje, naho nd’ umukungugu n’umunyota gusa:
Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.
kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.
Inkomezi z’ubusore bgiwe zuzuye mu magufa yiwe, Zizoryamana na we mu mukungugu.
Kandi n’iki gituma utamparira igicumuro canje, ng’ unkūrek’ ukugabitanya kwanje? Kuko vuba ngiye kuryama mu mukungugu, Nawe uzondonderana umwete, ariko nzoba ntakiriho.
Kukw azi iremwa ryacu, Yibuka ko tur’ umukungugu.
Uhisha mu nyonga hawe, bigahinda agashitsi: Ubikūramw’ impwemu, bigaca bipfa, Bikīsubirira mu mukungugu wavyo.
Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; Uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.
Nanka abashira imitima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma, Ariko jeho nizigira Uhoraho.
Uhindura abantu umukungugu, Uvuze, uti Bana b’abantu, musubireyo.
Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.
Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.
Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.
Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu,
Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?
at’ Uhoraho, Mana y’impwemu z’ abari n’umubiri bose, n’utoranye umuntu wo kuganza iri shengero,
Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.
Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.
n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,
Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?