4 imiryango irāba ku nzira ikugarwa; ijwi ry’urusyo rikōmbōka, umuntu akavyuka mu tunyoni, kand’ abakobga bose b’abaririmvyi bagaca bugufi;
Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma?
Ni nde yoshobora kuyasamika akanwa? Gutera akōba gukikije amenyo yayo.
Fata urusyo usye, utwikurure mu maso hawe; kūra imvune zawe, ukūre impuzu ushitse mu bibero, ujabuke inzūzi.
Ikindi, nzobakūramw’ ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ukuvuga kw’urusyo n’ukubonesha kw’itara.
Ntihazokwumvikana ukundi muri wewe ijwi ry’abacuraranzi n’iry’ abaririmvyi, n’iry’ abavuza imyironge n’iry’ abavuza inzamba; kandi nta muhinga w’umunyabuhinga bgose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kand’ ukuvuga kw’urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi.