3 ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’ abanyenkomezi bakabunda, abasya bagasigaho kuko babaye bake, kand’ abarungurukira mu madirisha bagahuma;
Isaka ashaje, amaso yiwe asigaye abona ivyijiji, ahwihwisha gusa, ahamagara imfura yiwe Esau, at’ Ewe mwana wanje! Aritaba, ati Sabge!
Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra.
Yaciriye intege zanje mu nzira; Yagabanije imisi yanje.
Nkamera nk’ah’ ar’ umukunzi wanje canke mwene mama arwaye, Nkicurikīra nk’ūgandaye, nk’ ūririra nyina.
Ndahetamye, ndicurikiriye rwose: Ngenda ngandaye umusi ukīra.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoba igihe abatāma n’abatāmakazi bazokwongera kwiganamira ku bibuga vy’i Yerusalemu, umuntu wese azoba yishimikiza ikibando kubgo kwisāzira cane.
Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe,