Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 12:1
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.


Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.


Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma?


Ereg’ icari kinzanye kwar’ ukukujabutsa Yorodani gusa, nkakwigiza imbere, mugenzi; non’ ico ni co cotuma urinda kumpa ingororano ingana irtyo ga mwami?


Kand’ Abisirayeli bose bazomuririra, bamuhambe; uwo ni we wenyene mu ba Yerobowamu azohambga mu mva, kuko mu nzu ya Yerobowamu ari we gusa yagize ivyiza abonekwakw imbere y’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli.


Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


Non’ inkomezi z’amaboko yabo zommarira iki? Kw ar’ utugoyigoyi tutazoshika mu bigero.


Uhoraho, nama nibuka izina ryawe mw ijoro, Nkitondera ivyagezwe vyawe.


Yemwe bana bato, ni muze, munyumve: Ndabigishe kwubaha Uhoraho.


Uko nzokwibuka ndi ku buriri bganje, Nkakwiyumvira mu bihe vy’ amaterama.


Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.


Toza umwana indero akwiye kwamana, Azorinda asāza atarayivamwo.


Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.


Nuko kūra amaganya mu mutima wawe, kand’ ushire ikibi kure y’umubiri wawe: kuk’ ubuto n’ubusore ar’ ubusa.


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa.


Mbere mu nzira y’imanza zawe ziroranye, Uhoraho, ni ho twamye tukwitegeye; izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe ni vyo imitima yacu ihahamiye.


Ni vyiza k’umuntu amenyerezwa ingōgo yo kuganzwa akiri muto.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Maze Yesu arabahamagara, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ubg’ abameze bartyo.


Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.


Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.


kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.


Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ