Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.
Kand’ Abisirayeli bose bazomuririra, bamuhambe; uwo ni we wenyene mu ba Yerobowamu azohambga mu mva, kuko mu nzu ya Yerobowamu ari we gusa yagize ivyiza abonekwakw imbere y’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli.
Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.
Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.