6 Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.
N’ukuri, umuco uraryoshe, kand’ amaso kubona izuba bitera umunezero.
Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.
Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.
Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ ūrya ikamuha ivyo kurya;
Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.
Arikw ico mvuga ngiki, ng’ Ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.
uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.